Ugufasha igihugu c’Uburundi mu kukironsa amafranga y’imfashanyo ngo bizoba ari ugushaka ko abanyagihugu bahona. Kuko ayo mafranga y’imfashanyo ata kindi azokora atari ukugura ibirwanisho no guhemba Imbonerakure ku mabi zikora. Ibi ni ibishikirizwa na Aimé Magera, avugira umugambwe CNL igisata ca Buraya. Aimé Magera agasaba nyabuna ubumwe bwa Buraya kubanza kubangira mu gufata ingingo yo gusubira gufasha Uburundi mu gihe ubwicanyi bukibandanya buba ndanse mu gihugu cose.
Amakuru
27 juin 2021