Uburundi n’Ubumwe bwa Buraya vyarasubiye gutanguza ibiganiro kuri uyu wa kane mu ntumbero yo kunagura imigenderanire igamije gukura ibihano ku Burundi. Inyuma y’iyo nama, Claude Bochu, uwuserukira ishirahamwe ry’ibihugu vya Buraya mu Burundi, yamenyesheje ko Ubumwe bwa Buraya bugifise ivyo busaba Uburundi mu bijanye n’agateka ka zina muntu n’intwaro ibereye. Inyishu ya Albert Shingiro, uwurongoye imigenderanire mu Burundi, ntiyatevye.
Amakuru
27 juin 2021