Amakuru
21 novembre 2023

Ubukene ni yo ntandaro nini y’uguheba amashure ku bigeme mu Burundi

Umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano, uhamagarira Abarundi gushira inguvu hamwe kugira haranduranwe n’imizi amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme. Ni mu gihe himirije kw’isi yose ihimiriza ry’iminsi cumi n’itandatu ryo kurwanya amabi akorerwa abakenyezi afatiye ku gitsina. Jacqueline Habonimana, umunywanyi w’umuhari Inamahoro, ababazwa n’uko iryo sekeza rishitse mu gihe Uburundi buhanzwe n’ibibazo vy’ubutunzi n’imibano bisanzwe bihungabanya indero muri rusangi na cane cane indero y’umwana w’umwigeme kubera ubukene burangwa mu miryango.