Amakuru
24 février 2023

Ubukene ni bwo bwatumye abanyeshure barenga ibihumbi 16 baheba ishure mu gice ca mbere c’2022-2023

Abanyeshure barenga ibihumbi 16 ni bo bahevye amashure kuva uyu mwaka w’ishure 2022-2023 utanguye mu ntara zitatu gusa ari zo Makamba, Ngozi na Kayanza. Bivugwa na Jean Bosco Ndayiragije, aserukira urunani rw’amashirahamwe yitaho ineza y’abana (FENADEB) mu buraruko bw’igihugu. Ikibituma ahanini ngo ni ubukene buri mu miryango butuma abo bana bata bakomokera mu bihugu bihana imbibe n’Uburundi bagiye kurondera ubuzi bushobora kubatunga. FENADEB igasaba abavyeyi kwitaho abana babo bakabereka ko ishure ari kirumara muri kazoza.