Amakuru
17 octobre 2023

Ubukene bw’intebe z’abanyeshure burahanze igisata c’indero (umushikiranganji w’Indero)

Hirya no hino mu Burundi, hariho abanyeshure biga bicaye hasi kubera kubura intebe bicarako. Ntibikiri ibanga, inzego z’igihugu zitandukanye zirabizi, yaba Inama nshingamateka, eka na leta. Ariko gushika uno munsi, nta muti urama w’ico kibazo uraboneka. Ubushikiranganji w’Indero bwagiriza abo buha amasoko yo gukora izo ntebe gushaka kwononera leta mu kutazikora.

Ni iki cokorwa kugira ico kibazo gitorerwe inyishu ?