Amakuru
29 septembre 2023

Ubukene bw’intebe ni ikibazo gihanze amashure atandukanye yo mu gihugu

Amashure atari make mu gihugu aracahanzwe n’ubukene bw’intebe. Muri uyu mwaka w’ishure w’2023 ushira uw’2024 watanguye ku wa 18 Nyakanga, intebe zigikenewe ziharurwa hagati y’150 n’4 000 bitewe n’amashure. Aho ni mu gihe abategetsi b’igihugu badasiba gutanga icizere ko ico kibazo kigiye gutorerwa inyishu irama.