Amakuru
31 août 2023

Ubukene bw’amafaranga y’agaciro n’umwimbu muke w’amashirahamwe bituma ibiciro biduga kw’isoko

Iduzwa ry’ibiciro vy’ivyankenerwa ryibonekeza uno munsi riterwa n’umwimbu muke w’amashirahamwe abihingura hamwe n’ubukene bw’amafaranga y’agaciro kugira ayo mashirahamwe ashobore kurangura mu makungu ivyankenerwa bikoreshwa. Ibi vyashikirijwe kuri uyu wa gatatu n’umushikiranganji w’Ubudandaji aho yariko arishura ku bibazo vy’abashingamateka. Marie Chantal Nijimbere aremeza ko ari igikorwa kigoye muri kino gihe hari ubukene bw’amafaranga mvamakungu, agasaba umwe wese kwitanga mu gisata arimwo kugira ibintu bihinduke.