Igenekerezo rya 05 Gitugutu uko umwaka utashe, isi irahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe umwigisha. Icivugo c’uno mwaka mu Burundi ni « abigisha ni bo nshingiro ry’ihinyanyurwa ry’inyigisho ». Zimwe mu ngorane zugarije igisata c’indero kw’isi, harimwo ubukene bw’abigisha nk’uko bivugwa n’igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kijejwe inyigisho (UNESCO).
Mbega ubwo bukene bw’abigisha, bwoba bwifashe gute mu Burundi ?
Hokorwa iki ngo ubwo bukene buranduranwe n’imizi ?