Amakuru
16 août 2023

Ubudasa bw’amafaranga azokoreshwa n’ayitezweko inyungu mu 2023-2024 buzotera ibibazo

Iduzwa ry’amakori n’amatagisi ntiryobaye ikibazo mu gihe ari vyo vyogarutse guteza imbere igihugu n’abanyagihugu. Bivugwa n’ishirahamwe OLUCOME ryishinze kurwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta, hari mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere. Ku bwa Gabriel Rufyiri, arongoye iryo shirahamwe, biratangaje kubona mu mafaranga y’umwaka w’2023-2024 hadugijwe amafaranga leta ikoresha gushika ku bice birenga 65%, mu gihe ayashobora kwongereza umwimbu yadugijwe gushika ku bice 33%. Ivyo ariko bikaba vyerekana ko n’ibizokwirikira mw’itunganywa ry’ayo mafaranga bitazoba vyiza ku bwa Gabriel Rufyiri.