Amakuru
28 décembre 2022

Tony Germain Nkina yarekuwe inyuma y’imyaka irenga ibiri apfunzwe

Umushingwamanza akaba n’umwe mu baharanira agateka ka zina muntu Tony Germain Nkina aridegemvya kuva kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 27 Kigarama. Akaba arekuwe inyuma y’imyaka irenga ibiri apfunzwe ku karenganyo, nk’uko vyemezwa n’abaharanira agateka ka zina muntu. Carina Tertsakian, umushakashatsi mw’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu mu Burundi (IDHB), yipfuza ko ata wundi mu baharanira agateka ka zina muntu yosubira gupfungirwa akazi akora. Ahamagarira abategetsi b’Uburundi gutezurira abandi bose bapfunzwe bahorwa imvo za politike.