Amakuru
12 septembre 2023

Samia Suluhu na HCR ni bahagarike kwiyobagiza amabi ariko akorerwa impunzi muri Tanzaniya

Itotezwa ririko rikorerwa impunzi z’Abarundi mu gihugu ca Tanzaniya rirateza urubwa ico gihugu n’ishirahamwe HCR. Ivyo bivugwa na Marie Louise Baricako, arongoye umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano. Akaba abishikirije inyuma y’amakuru y’ibinyamakuru, harimwo télévision Renaissance, bimaze igihe bishikiriza ko amakambi y’impunzi ya Nduta na Nyarugusu abayeho mu makuba adasanzwe. Marie Louise Baricako agahamagarira ubutegetsi bwa Tanzaniya na HCR kwikubita agashi bakubahiriza uburenganzira bw’izo mpunzi.