Amakuru
15 octobre 2021

Rwagasore yarashoboye guhuza Abarundi biciye mu mashirahamwe

Rwagasore yari afise umugambi wo gushikana Uburundi ku kwikukira n’iterambere nyavyo. Bivugwa n’uwanonosoye ivya kahise Emile Mworoha. Avuga ko incungu yo kwikukira kw’Uburundi yavyerekanye mu guharanira ko Abarundi bofatana mu nda bakanasenyera ku mugozi umwe mu kuja mu ma koperative y’iterambere. Emile mworoha agahamagarira Abarundi gukwirikiza iragi rya Rwagasore mu mvugo no mu ngiro.