Amakuru
22 janvier 2021

Petero Nkurikiye yarahonyanze amategeko avuga ko umuntu ataracirirwa urubanza aguma ari umwere

Ivyavuzwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano igihe yerekana abantu batatu bagirizwa urupfu rwa Thierry Kubwimana harimwo n’umukenyezi wiwe, ngo bifise intumbero yo guhuvya amatohoza n’ugutera ubwoba umuryango w’umuhisi, ngo ntubandanye urondera ukuri kuri urwo rupfu. Bivugwa n’umushingwamanza Lambert Nigarura. Kubw’uwo yize ibijanye n’amategeko, ngo Petero Nkurikiye yarahonyanze amategeko avuga ko umuntu ataracirirwa urubanza aguma ari umwere, yongera ahonyanga igitabo mpanavyaha mu bijanye no gutanga amakuru ku rubanza rukiri mu matohoza.