Amakuru
29 septembre 2022

Parike nkuru ihejeje gufuta inama y’abanyamitahe ba Kira Hospital yabaye ku wa 08 Nyakanga 2022

Nta nama ya bose yabaye mu bafise imitahe mu bitaro Kira kw’igenekerezo rya 08 Nyakanga 2022. Vyashikirijwe n’umushikirizamanza mukuru Sylvestre Nyandwi, mu kiganiro kigufi yahaye abamenyeshamakuru ku muhingamo wo kuri uyu wa kane igenekerezo rya 29 Nyakanga. Yemeje ko icegeranyo kiriko kiratangwa ku mbuga ngurukanabumenyi ari ikinyoma, iyo nama itigeze iba nk’uko amatohoza ya parike ya Muha yavyerekanye. Akavuga ko hari bamwe bahagaritswe vy’agateganyo harimwo umushingwamanza Sandra Ndayizeye afise uruhara rukomeye mu kwandika ico cegeranyo. Yanavuze ko bamwe mu banyamitahe babajijwe bemeje ko iyo nama itabaye ariko bahamagawe bakagenda gushira umukono kuri ico cegeranyo.