Amakuru
7 décembre 2023

Urunani CFOR-Arusha ntirwizeye ubwigenge bw’abagize umurwi w’igihugu ujejwe amatora CENI

Umurwi mushasha ujejwe gutunganya amatora nta co umuntu yowizerako gishasha uzozanira Abarundi uravye bamwe mu bawugize. Ivyo bishikirizwa na Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urunani CFOR-Arusha aho yisunga uturorero tubiri tw’abagize uwo murwi, nka Prosper Ntahorwamiye yahoze ari umuvugizi w’umurwi CENI wari urongowe na Pierre Claver Ndayicariye, co kimwe na Sylvestre Nyandwi yahoze ari umushikirizamanza kizigenza wa Republika. Frédéric Bamvuginyumvira abona ko uwo murwi uzokora ivyo umugambwe uri ku butegetsi uzobategeka gukora.