Amakuru
28 juillet 2023

Mu madosiye umushikirizamanza kizigenza wa kera asigiye mushasha harimwo iya Bunyoni

Kuri uyu wa gatatu ni ho haba ukubisikanya mu mabanga hagati y’umushikirizamanza kizigenza wa Republika Léonard Manirakiza hamwe n’uwahahora Sylvestre Nyandwi. Mu ma dosiye makuru makuru amusigiye, hakaba harimwo urubanza rw’uwahoze ari umushikiranganji wa Mbere Alain Guillaume Bunyoni. Sylvestre Nyandwi akizera ko mu minsi mike iyo dosiye izoba yaherahejwe kugira uwukurikiranwa acirirwe urubanza.