Amakuru
19 décembre 2022

OTB yaranse ko icayi gishorwa aho kigurishwa menshi kubera amafaranga bashira mu mifuko yabo

Yaravuze ko abarongoye ishirahamwe ry’icayi mu Burundi babaye intambamyi y’uko haba inyungu nyinshi zinjira mu kigega ca leta. Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye yerekanye ko yananiwe kubagondoza ngo bagurishe ico cayi mu bihugu vyotanga amafaranga menshi kuko ubwabo bakeneye inyungu zija mu mifuko yabo.
Iyo myidogo y’umukuru w’Igihugu yoba ifise ifatiro ?