Amakuru
20 août 2021

ONU iratera intege kuri uyu wa 19 Myandagaro abantu bose bakora ibikorwa vyo kwitangira abandi kw’isi

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU riratera intege kuri uyu wa 19 Myandagaro abantu bose bakora ibikorwa vyo kwitangira abandi kw’isi. Mu gihe isi yose iriko irahimbaza umunsi wo gufasha abari mu buzima bugoye, Antonio Guterres, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ONU, ahamagarira isi yose gushigikira abakora muri ico gisata, na cane cane muri bino bihe bigoye isi irimwo vyo kurwanya umugera wa Corona.