Amakuru
21 juin 2023

Ubushake bw’amaleta kugira amahoro agaruke, bwofasha impunzi guhunguka mu mahoro ntangere

Amakungu arahimbaza kw’igenekerezo rya 20 Ruheshi, umunsi mpuzamakungu wahariwe impunzi. Uno mwaka, uwo munsi ukaba ushimikira ku gushigikira impunzi iyo zahungiye n’ukuzironderera inyishu zirama. Ku bw’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, António Guterres, abantu barenga imiliyoni 100 baba mu bihugu bikirangwamwo intambara, inzara, iburabuzwa hamwe n’ihindagurika ry’ikirere, barataye ingo zabo barahunga.