Amakuru
6 juin 2023

Ugukingira ibidukikije, ni kwo kuzoshikana isi kuri kazoza keza

Ikoreshwa rya plastike riri mu bibangamiye amagara y’abantu kw’isi mu gihe ibisigarira vyayo bigaruka tukabisanga mu vyo twihereza buri munsi haba mu bifungurwa canke mu binyobwa, eka mbere no mu mpwemu duhema. Ako ni akamo gaterwa n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, António Guterres, kuri uyu wa 05 Ruheshi, amakungu ahimbaza umunsi wahariwe ibidukikije. Ariko rero yizeza ko umuti ushobora kuboneka biciye mu gukorera hamwe kw’amaleta, amahinguriro, eka n’abaguzi.