Amakuru
12 octobre 2021

OLUCOME irashikiriza icokorwa mw’itunganywa rishasha ry’amasezerano y’amashirahamwe yimba ubutare

Ihagarikwa ry’amasezerano yari hagati ya leta n’amashirahamwe acukura ubutare ni igikorwa ciza kuko yari amasezerano ari hagati y’akarwi k’abantu n’ayo mashirahamwe. Ishirahamwe rirwanya ibiturire n’isesagura ry’amatungo ya leta OLUCOME risaba ko leta yorondera amashirahamwe rurangiranwa muri ico gisata ayifasha kugira ntihasubire kuba utunenge muri ayo masezerano. Gabriel Rufyiri arongera agasaba ko itegeko rigenga ubutare ryosubirwamwo ko naryo nyene ririmwo utunenge.