Amakuru
19 juin 2023

Ntivyumvikana ukuntu umukuru w’Igihugu aha akazi ibikanganyoni kandi hariho ababishoboye

Umukuru w’Igihugu yaratunganije ikiganiro kw’igenekerezo rya 09 Ruheshi, mu ntumbero yo gukangurira abategetsi batandukanye guhindura ingendo kugira ihangiro rya leta ry’uko Uburundi buba igihugu cifashe mu mwaka w’2040, kikaba igihugu giteye imbere mu mwaka w’2060, rishikweko. Evariste Ndayishimiye akaba yasanze abategetsi bataravavanura n’ingendo mbi za kera, ibishobora gutuma igihugu kidashika ku mbono cihaye.

Inyuma y’imyaka itatu amaze ku butegetsi, hoba habuze iki kugira umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye akikuzwe n’abantu bomufasha gushikana Uburundi kuri iryo hangiro ?