Amakuru
31 mars 2023

Nta wokwizera ko ivyo gutekeramwo vya plastike bivaho mu gihe ata vyo babisubirije

Abadandaza n’abaguzi nta kundi bari bugire atari ukubandanya bakoresha ivyo bari basanzwe bakoresha kuko leta yafashe ingingo yo gukuraho ikoreshwa ry’ibikoresho vya plastike ata kindi na kimwe yeretse abanyagihugu bokoresha mu gutekera ivyo basumye. Ivyo bikaba biri mu rutonde rw’intwaro mbi isanzwe iri mu Burundi. Bivugwa na Mamert Sabushimike, akwirikiranira hafi ibibazo vy’ibidukikije mu Burundi. Akanegura ko leta ibuza gutekera muri ivyo bikoresho vy’ubumwanya n’amacupa ya plastike mu gihe hari n’ayandi mahinguriro abandanya abihingura ku nyungu za bamwe mu bategetsi. Mamert Sabushimike asaba leta y’Uburundi kurungika abahinga bayo mu bihugu bibanyi kugira barabe ingene muri ivyo bihugu nk’Urwanda na Kenya bashoboye gushira mu ngiro umugambi wo kurwanya ivyo bikoresho vyonona ibidukikije. Akaba yabishikirije mu runani rw’ibimenyeshamakuru Radio Inzamba, RPA hamwe na Télé Renaissance.