Amakuru
25 mars 2023

Nta terabwoba ryotuma imigenderanire hagati y’Uburundi n’Uburusiya ihinduka

Uburundi ntibutinya igitsure c’ibindi bihugu mu bijanye no kubandanya imigenderanire hagati yabwo n’Uburusiya. Ni ivyavuzwe na Albert Shingiro, umushikiranganji w’Imigenderanire y’Uburundi n’ibindi bihugu. Ni mu gihe yariko yishura ku kibazo c’umumenyeshamakuru yamubaza ko Uburundi budatinya ibihano bwofatirwa n’ibindi bihugu mu gihe imigenderanire hagati yabwo n’Uburusiya yobandanya. Albert Shingiro avuga ko Uburundi ari igihugu cigenga kandi cikukiye.