Amakuru
17 mars 2023

Nta na hamwe biba ko ikimenyeshamakuru kibanza gusaba uruhusha mu gushikiriza amakuru

Ibimenyetso bitabesha bibandanya kwerekana ko ibimenyeshamakuru mu Burundi bidafise ubwigenge bwo gukora mu mwidegemvyo. Urwego CNC rujejwe gucungera uko ibimenyeshamakuru bikora mu Burundi rwarandikiye ikete umuyobozi wa radio Isanganiro rumugabisha ko yabamenyesheje ko hagiye kuba urunani rw’ibimenyeshamakuru hasigaye umwanya muto ngo urwo runani rutangure. Innocent Muhozi, umumenyeshamakuru w’Umurundi, aranegura urwandiko rwa CNC. Avuga ko ata na hamwe vyakabaye aho ikimenyeshamakuru kibanza kubwira umuntu wo hanze ivyo kigiye gukora uretse mu Burundi ibimenyeshamakuru bishinzwe ijisho na leta. Radio Isanganiro, izotegerezwa kuza iramenyesha ko igiye mu runani imbere y’amasaha 72, hanyuma irindire ko CNC yishura mu gutanga uruhusha.