Amakuru
2 juillet 2022

Nta muco uraboneka mu bijanye n’ikoreshwa ry’amafaranga ya leta, leta ikwiye kubikosora

Hari hakwiye kubanza kuba ibiganiro ku bahinga batandukanye kugira amafaranga azokoreshwa na leta aze kurangura imigambi yashizwe imbere kugira habe iterambere. Bivugwa na Faustin Ndikumana, umuhinga mu vy’ubutunzi akaba anarongoye ishirahamwe ryishinze gukangurira Abarundi guhindura ingendo (PARCEM), mu gihe yari umutumire mu kiganiro « Karahara mu ruganda ntibacura ». Ku bwiwe, amafaranga yashizwe mu bushikiranganji butandukanye yategerezwa gutorwa na yo nyene ari uko ubushikiranganji bwerekanye imigambi yatowe. Agatanga akarorero ku mafaranga yatanzwe mu bushikiranganji bw’Inyubako.