Amakuru
23 septembre 2021

Nta mahoro ahari mu Burundi. Ijambo ry’umushikiranganji ni ijambo ryo gushikuza

Umushikiranganji ajejwe agateka ka zina muntu ntiyari akwiye kurengera ivyo umukuru w’igihugu yirirwa aremanga vyerekana ko igihugu kidatekanye, kitari mu mahoro we akemeza ko amahoro yiraye. Bivugwa n’umushingwamanza Immaculée Hunja, arongoye umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi. Immaculée Hunja akamenyesha ko ata mahoro ahari mu gihe kwubahiriza amategeko, uburenganzira n’agateka vy’abanyagihugu, umutekano hamwe n’iterambere ata bihari mu gihugu.