Amakuru
8 mars 2022

Ubugizi bwa nabi bubera mu Burundi bwerekana ko hakiri uguhohotera abakenyezi

Ukungana imbere y’amategeko hamwe n’agateka k’Abarundi ntibirashikwako mu gihugu. Igitigiri c’abakenyezi bagandagurwa kiguma ciyongera mu gihugu, ikumirwa ry’abakenyezi ku vyerekeye uburenganzira bwabo riracariho mu bice vyose vy’ubuzima bw’igihugu, nko kutubahiriza ibice vy’abakenyezi bitegekanywa n’ibwirizwa shingiro mu nzego z’igihugu. Bivugwa n’umushingwamanza Immaculée Hunja, arongoye Umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi (MFFPS), hari mw’itangazo washikirije ku munsi mpuzamakungu wahariwe abakenyezi uhimbazwa buri tariki 8 Ntwarante. Uwo muhari uhamagarira leta gushiraho imigambi yo guhimiriza abanyagihugu bose ku vyerekeye uburenganzira bumwe no kungana cane cane kw’umugabo n’umugore.