Amakuru
16 juillet 2023

Amategeko y’Uburundi ararekurira abigeme n’abakenyezi kwandikisha abana batiriwe baravuga ba se

Ingingo y’umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu yo kwaka abakenyezi n’abigeme uburenganzira bwo kwandikisha abana ba se batazwi ni iy’agahotoro. Bivugwa n’umushingwamanza Jeanne d’Arc Zaninyana, arongoye Umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi. Abona ko ahubwo leta yari ikwiye kuba hafi abo bavyeyi baba badashobora kwandikisha ba se b’abana.