Amakuru
11 mars 2022

Abakenyezi bari mu nzego bakwiye gukora ivyofasha abandi mw’iterambere ry’umukenyezi

Kubona ata tegeko rirajaho riha uburenganzira umukenyezi n’umwigeme bwo gutorana, ni inzitizi mu kwiteza imbere ku rugero rumwe na basaza babo. Bivugwa n’umushingwamanza Immaculée Hunja, arongoye Umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi (MFFPS). Akababazwa n’uko hageze ico kibazo, n’abakenyezi baserukira abandi mu nzego usanga batagira urunani ngo baharanire uburenganzira bwa bagenzi babo kandi arico bari bashinzwe.