Amakuru
25 janvier 2023

Nta kigongwe kizogirirwa abiba ubutunzi bw’ibitaro n’amavuriro mu Rutana na Makamba

Abasuma b’ubutunzi bw’amavuriro n’ibitaro mu Rutana na Makamba baragabishwa ko ata mpuhwe bazogirirwa bafashwe. Umushikiranganji w’Amagara y’abantu yasavye kurwanya ubwo bubisha bivuye inyuma. Igihe yari yagendeye izo ntara, Muganga Sylvie Nzeyimana yasavye ko abarongoye ibitaro n’amavuriro bashira inguvu zirushirije mu ntwaro ibereye.