Amakuru
22 octobre 2021

Nimwicandagishe, ntimwumve amajambo y’abategetsi yo guhakana ikiza

Umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni nta bubasha afise bwo kuvuga ko urucanco rwa Corona rwizwe canke rutizwe, ngo ivyo avuga vyose abikura mu mutwe wiwe. Bivugwa na Charles Nditije, arongoye umugambwe UPRONA utemewe na leta. Charles Nditije ahamagarira abanyagihugu bose kwicandagisha kuko ari bwo buryo bwa mbere bwo kurwanya ico kiza ca Corona.