Amakuru
28 octobre 2023

Nihakezwe umutegetsi wese yashize imbere agateka k’abakenyezi (umuhari Inamahoro)

Umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano, urakeza indongozi zagiye ziritwararika agateka k’abakenyezi mu kubizera bakabashinga amabanga atandukanye mu bibanza bifatirwamwo ingingo. Umuganwa Ludoviko Rwagasore na Melchior Ndadaye bakaba ari bo bavugwa cane kuba baragaragaje ishaka mu kwitaho ineza y’abakenyezi. Jacqueline Habonimana, kw’izina ry’uwo muhari, abivuga mu kiganiro « Agateka k’umukenyezi », akaba asaba ko abakenyezi bokwitabwaho kugira bagire uruhara rwabo mw’iterambere ry’igihugu.