Amakuru
30 juillet 2021

Ni vyiza ko leta y’Uburundi yemeye kwakira urucanco rw’umugera wa Corona

Ni vyiza ko leta y’Uburundi ngo yemeye kwakira urucanco rw’umugera wa Corona kugira abanyagihugu bakingirwe. Bivugwa na Emmanuel Ndereyimana, umuvugizi w’urunani CFOR-Arusha. Ariko kandi Emmanuel Ndereyimana aranegura leta mu kuvuga ko itazobazwa inkurikizi zishobora kuba ku bantu bazoba baronkejwe urwo rucanco. Emmanuel Ndereyimana asaba leta kudakinisha ubuzima bw’abantu.