Agriculture
5 juillet 2023

Ni ukwiyamiriza ko hasubira kuba abantu bita hagati y’umurimyi n’umuguzi w’umwimbu wiwe

Abajejwe intwaro basabwa gushinga ububiko bw’ivyimburwa kugira abarimyi ntibasubire gusahurwa. Ivyo bisabwa n’umushikiranganji w’Ubudandaji. Marie Chantal Nijimbere yabivugiye muri komine Marangara, mu ntara ya Ngozi, aho yari yaramutse agendera ku munsi wa mbere, ari kumwe n’abandi bategetsi, bishura ku bibazo vy’abanyagihugu. Akavuga ko umunyagihugu yojana umwimbu wiwe amaze kumenya neza igiciro.