Amakuru
13 mai 2022

Ni ukwigovyora, umukuru w’Igihugu yategerezwa kwiyumvira icokura Abarundi mu bukene

Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye yarashinyaguriye Abarundi mu kuvuga ko badakenye kandi bahaze. Binegurwa na Gervais Nibigira, icegera c’uwurongoye urunani rw’Abarundi b’intungane (RCP). Abivuze inyuma y’aho kuri uyu wa kabiri umukuru w’Igihugu avuze ko Abarundi bahaze kubera hari vyinshi batarya kandi biribwa ahandi. Gervais Nibigira akavuga ko umukuru w’Igihugu yari akwiye gufasha Abarundi mu guhangana n’ubukene buri mu gihugu hako ahakana ko buriho.