Amakuru
18 novembre 2021

Ni ngombwa gose ko Abarundi baja kwicandagisha ikiza ca Corona

Abarundi bakwiye kugira nk’abanyagihugu bo mu bindi bihugu, bakicandagisha kugira bagabanure ikwirakwira ry’ikiza ca Corona muri rusangi no kugabanya ibitigiri vy’abitaba Imana vy’umwihariko. Ubwo nibwo butumwa bw’uno munsi bw’urunani FODIB ruhurikiyemwo amashirahamwe y’Abarundi baba i Buraya mw’isekeza ryo guhimiriza Abarundi ngo bikingire ikiza ca Corona. Cassien Nibaruta, umunywanyi w’urwo runani, atera akamo Abarundi kwicandagisha n’aho incanco mu Burundi atari nyinshi kugira babungabunge amagara yabo.