Amakuru
24 mai 2024

Ni nde atwara igihugu, hagati y’abatanga amategeko n’abayashira mu ngiro ? (M.L. Baricako)

Abategetse Joy Akimana, umukobwa wa général Alain Guillaume Bunyoni, kwambura impuzu zose kugira bamusake, bategerezwa gukurikiranwa n’ubutungane. Ivyo bisabwa n’umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano. Uwo muhari utera ivyatsi ingendo y’abapolisi bacungereye ibohero rya Gitega, aho uwo yahoze ari umushikiranganji wa Mbere apfungiwe. Umukobwa wiwe yari yagiye kumuramutsa ku munsi wa gatatu uheruka aho yasabwe n’abo bapolisi gukura impuzu agasigara ari gusa. Ku bwa Marie Louise Baricako, arongoye uwo muhari, abategetsi basigaye bahonyanga amategeko mu gutitura akaranga k’Abarundi.