Amakuru
26 août 2022

Ni kubera iki inzara mu mabohero ? Ibifungurwa vy’abantu 4294, bisangirwa n’abanyororo 12625

Ikibazo c’ibura ry’ibifungurwa mu mabohero y’Uburundi riva ku bitigiri vy’umurengera bibarizwa mu mabohero kubera ugupfunga abantu hadakurikijwe amategeko. Nk’uko ibitigiri bitangwa n’ishirahamwe APRODH, amabohero arimwo abanyororo baharurwa ku 12500, mu gihe ayo mabohero afise ibibanza 4200 gusa. Ivyo bisigura ko amabohero aronswa ibifungurwa vy’abantu 4200 ariko bigasangirwa n’abanyororo 12500. Pierre Claver Mbonimpa, arongoye APRODH, asaba leta kurekura abantu kugira ico kibazo gihere. Abona ko horekurwa abahejeje umunyororo baciriwe ariko bakaguma bapfunzwe, abapfunzwe batagira amadosiye hamwe n’abapfungiwe ivyiyumviro vyabo. Ni mu kiganiro « Karahara mu ruganda ntibacura » c’urunani rw’ibimenyeshamakuru Radiyo Inzamba, RPA na Télévision Renaissance.