Amakuru
27 septembre 2022

Ni izihe ngaruka z’ukutamenyekanisha amatungo kw’abategetsi ?

Ingingo ya 95 y’Ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi itegekanya ko igihe batanguye kurangura amabanga bashinzwe n’igihe bayarangije, umukuru w’Igihugu, icegera c’umukuru w’Igihugu, umushikiranganji wa Mbere n’abagize urwego nshikiranganji bategerezwa kumenyesha vy’ukuri amatungo yabo mu rwandiko bashikiriza Sentare ntahinyuzwa. Iyo ngingo gushika uno munsi ntirubahirizwa n’abo baramutswa Uburundi.
Mbega none bishobora kugira ingaruka izihe ku butunzi bw’igihugu ?
Iryo honyangwa ry’amategeko rikorwa n’abari bajejwe kuyubahiriza ryoba rifise ingaruka mu bijanye n’intwaro ?