Amakuru
18 novembre 2021

Ni ikintu gikomeye kubona CNDD-FDD yemera uruhara rwayo mu bwicanyi bwo mu Burundi

Amajambo yashikirijwe n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe uri ku butegetsi, arerekana neza ko CNDD-FDD kuva ikiri mw’ishamba gushika uno munsi itigeze ihinduka ngo ikore nk’umugambwe. Bivugwa n’umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize, umwe mu banywanyi b’urunani rw’abashingwamanza baburanira abakorewe amabi y’agahomerabunwa mu Burundi (CAVIB). Ku bwiwe, umugambwe CNDD-FDD uno munsi, uje kwemeza ko ariwo utegeka ubwicanyi, inyuruzwa n’iburwa irengero bigirirwa Abarundi. Ngo mu gihugu c’intwaro rusangi, umushikirizamanza mukuru wa Republika yategerezwa kuba yatanguye gukurikirana uwavuze ayo majambo.