Amakuru
19 novembre 2021

Ni ibara ku mutemere, musitanteri wa Muramvya akwiye kubogozwa

Imbonerakure zaratemaguye inka zitanu z’umunyagihugu Joseph Kanzoya kw’itegeko rya musitanteri wa komine Muramvya iri mu ntara ya Muramvya. Ivyo bikaba vyabaye mu mpera y’indwi iheze. Kuri uyu wa kabiri, musitanteri Espérance Nduwayezu akaba yahavuye yemera ico caha yongera yiyemerera ko azoriha izo nka. Uwo musitanteri ngo yakoze ikosa rikomeye rituma yari akwiye kubogozwa. Bivugwa n’umushingwamanza Emmanuel Nkengurutse. Akabona kandi ko uwo mutware yari akwiye gushengezwa imbere y’intahe agahanirwa ivyaha yakoze.