Amakuru
22 novembre 2021

Ni agashinyaguro ka CNDD-FDD mu kuja gutambira ku mva z’abo bagandaguye i Bugendana

Kubona umugambwe CNDD-FDD uhitamwo guhimbariza umunsi usozera indwi yitiriye umurwanyi i Bugendana ngo ni ugutamba ku muvyimba abacitse kw’icumu mu bwicanyi abarwanyi bawo bahagize mu mwaka w’1996. Bivugwa na Emmanuel Nkurunziza, umunyamabanga w’ishirahamwe ryiyemeje kurwanya ihonyabwoko AC-Génocide igisata co muri Canada. Ryibutsa ko abo bagomba kwiyita abarwanyi ata kindi cabaranze mu myaka irenga cumi bamaze mw’ishamba atari ukwica urw’agashinyaguro Abarundi bo mu bwoko bw’Abatutsi.