Amakuru
6 janvier 2022

Ni agakuru keza ku Banyarumonge, umurwi ujejwe kurwanya Corona ugiye kwugurura ikivuko

Ikivuko ca Rumonge kigiye kwugururwa guhera kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 10 Nzero. Iyo ngingo yafashwe n’umurwi w’Igihugu ujejwe kurwanya ikiza ca Corona mu nama wagize kuri uyu wa wa gatatu igenekerezo rya 05 Nzero. Umushikiranganji w’Amagara y’abantu Muganga Sylvie Nzeyimana, akaba n’icegera c’uwurongoye umurwi w’igihugu wo kurwanya Corona, amenyesha ko abantu bose bazoca kuri ico kivuko bazobanza gupimwa uwo mugera.