Amakuru
7 février 2024

Ndayishimiye ategerezwa kwugurura imipaka kugira areke guhahaza Abarundi (Inamahoro)

Ingingo yo kwugara imipaka, uwo yafatiwe nk’igihano si we iriko irakorako. Abo iriko irababaza ni abanyagihugu b’ivyo bihugu bibiri, na cane cane ababa kuri iyo mipaka bahora batunzwe n’urudandazwa bahora bakorana. Ivyo bishikirizwa n’umuhari Inamahoro. Mw’ikete uwo muhari wandikiye umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye, usaba ko imipaka isubira kwugururwa. Marie Louise Baricako awurongoye avuga ko iyo ngingo ifise ingaruka mbi cane no ku bindi bihugu vy’akarere.