Amakuru
5 juillet 2023

Mushaka kugumana ukwibohora mu minwe yanyu, mutegerezwa kubikorera

Abanyarwanda bahamagarirwa kuraba neza ukwibohora kwabo ntikuzobacike nk’uko ukwikukira kwasubiye mu minwe y’abakoloni. Ako kamo katewe na Paul Kagame. Hari mw’ijambo yashikirije Abanyarwanda buca hahimbazwa umunsi wo kwibohora, aho yaneguye ko ukwikukira kw’Urwanda kuhari kw’izina gusa. Akaba yaboneyeho akaryo ko gusigura igituma ukwibohora n’ukwikukira bihimbarizwa umunsi umwe.