Ico Urwanda rwasabwe mu masezerano yo ku wa 30 Mukakaro yashizweko igikumu i Luanda muri Angola ni ugufasha kugira impande zishamiranye zihagarike intambara. Bivugwa n’umusesanguzi mu bijanye na politike yo mu karere, Albert Rudatsimburwa. Abivuze inyuma y’aho hatangarijwe ko intambara iri mu buseruko bwa Congo hagati ya leta ya Congo n’umuhari wa M23 igiye guhagarara guhera kuri uyu wa 4 Myandagaro. Albert Rudatsimburwa amenyesha ko ritari n’irya mbere Urwanda rusabwa gufasha kugira rusabe M23 guhagarika intambara ikitaba inzira y’ibiganiro, ariko leta ya Kinshasa ari yo yaguma ihonyanga amasezerano.
Amakuru
2 août 2024