Amakuru
30 juin 2022

Muganga Christophe Sahabo yankiwe kuja ku maziko y’umuvyeyi wiwe

Biteye kubiri n’amategeko kubona Muganga Christophe Sahabo, yahoze arongoye Kira Hospital, yankirwa kuja gupfubana iteka umuvyeyi wiwe. Ivyo bishikirizwa n’umushingwamanza Gustave Niyonzima, arongoye urunani rw’abashingwamanza baburanira abakorewe amabi ahanwa na Sentare mpuzamakungu mpanavyaha (CAVIB), inyuma y’aho Muganga Sahabo yimwe uruhusha n’abarongoye amabohero guherekeza ubwa nyuma umuvyeyi wiwe kandi avyemererwa n’amategeko. Umushingwamanza Gustave Niyonzima akamenyesha ko iyo ngingo ije kugira ngo itere ubwoba abandi bafise imitahe muri ivyo bitaro vya Kira Hospital.