Amakuru
12 juillet 2023

Mu myaka 18, Uburundi buharurwa mu bihugu 10 vya mbere igiturire ciganjemwo

Guhindura igisata c’amasoko ya leta, n’uko abategetsi berekana amatungo yabo. Ni bimwe mu vyo ishirahamwe OLUCOME rirwanya ibiturire n’isesagura ry’amatungo ya leta risaba kugira igiturire gihashwe. Gabriel Rufyiri, arongoye iryo shirahamwe, yabivuze ku munsi wa kabiri itariki 11 Mukakaro, igihe hahimbazwa imyaka 20 ibihugu vya Afrika bishize umukono ku masezerano yo kurwanya ibiturire. Gabriel Rufyiri akavuga ko kuva mu 2005, Uburundi bwagumye buja hasi cane muri ico gikorwa, kuko uno munsi giharurwa mu bihugu 10 vya mbere igiturire ciganje.