Amakuru
4 janvier 2023

Mu guhakana ubwicanyi bufatiye kuri politike, umukuru w’Igihugu aba ahaye impigi ababukora

Nta bwicanyi bufatiye ku vyiyumviro vya politike bukibaho mu Burundi. Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye yabivugiye mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru hamwe n’abanyagihugu ku wa gatanu w’indwi iheze. Ariko bamwe mu banyepolitike si ko babibona.